Тёмный

Desire Uwamahoro arabivuze,narakubiswe mwiperereza,Bunyoni aramwihakanye,ararize😭akoroyamosozi 2023 

URUGENDO NEWS
Подписаться 107 тыс.
Просмотров 40 тыс.
50% 1

🔴 Bibiliya mu minwe, imbere y'abacamanza, Désiré Uwamahoro ati : "ayo naboneye muri documentation, narakoroye amosozi !"
Aho hari ku wagatatu uheze (08.11.2023), imbere y'abacamanza ba Sentare Ntahinyuzwa, mw'ibohero rikuru rya Gitega. Colonel Désiré Uwamahoro yariko yisigura ku caha co kumena amabanga y'akazi. Désiré Uwamahoro yagirijwe ko yamenye amabanga ajanye n'umutahe warondera Général Bunyoni, bica bituma Bunyoni anyegera.
🔴 "Ndarahiye kuri Bibiliya, nimba ndiko ndabesha Imana ice inyica sinze kurenga urya muryango".
Désiré Uwamahoro azwi muvyo kunyuruza abantu, kuboreza igufa abo afashe, kwica abana b'Uburundi. Azwi agendana imigozi, ubufuni n'amashoka mu modoka yiwe, vyose bigenewe kujanjagura abagize ivyago vyo kurwa mu minwe yiwe. Kugeza ubu ntiyari azwi mu vy'ijambo ry'Imana. Niho ku wagatatu bamubona aza imbere ya Sentare afashe Bibiliya. Uwo musi Imana ntiyava mu kanwa kiwe kugira yerekane ko aje kuvuga ukuri kwonyene.
Désiré Uwamahoro yarahakanye icaha co kumena amabanga, yavuze ko atashobora kumena amabanga atigeze aronka. Yagize ati umutahe ufata Bunyoni wasohotse italiki 17.4.2023 mu gihe ivyo munyagiriza nabivuze ku wa 16.4.2023. Ati : none ko jewe ntakora muri Parquet nari kumenya gute ko hariho umutahe wo gufata Général Bunyoni utaranasohoka ?"
Désiré Uwamahoro avuga ko aho ku wa 16.4.2023 yari yarondewe n'abatamakazi babiri b'i Gihanga. Abo batamakazi bamubwiye ko Imana yahishuye mu masengesho yabo ko Uwamahoro agiye kugira ingorane biciye muri telefone, kandi ko Bunyoni agiye guhagarikwa. Avuga ko abo batamakazi bamusavye gusenga cane, akisengera, agasengera Bunyoni, akongera agasengera Uburundi.
Bunyoni ati : "naciye ndondera Ibrahim Ndekatubane, kugira ampere ubutumwa umukenyezi wiwe dusanzwe dusengera hamwe ; nahamagaye Ndekatubane kubera jewe ntazi guhamagara abakenyezi b'abandi. Ingorane ni Ndekatubane yaciye yibaza ko ari ubutumwa ndamuhaye. Ntiyigeze yemera ko ari amajambo nakuye ku basenzi. Ndasavye Sentare itumeko Ndekatubane n'abo batamakazi."
🔴 "Mbe wibaza ko wewe undusha gukunda igihugu ? Wewe bokubwira ngo bakurase Ku neza y'Uburundi wovyemera ? Jewe navyemeye kuva mu 1993."
Yumvise Icariho c'umushikirizamanza kizigenza wa republika atariko aremera ivyo Désiré Uwamahoro avuze, niho Uwamahoro yafatwa n'agashavu, amubwira ayo majambo ateye ubwoba ko atamurusha gukunda igihugu. Uwamahoro afata Bibiliya ati : "nimba ndiko ndabesha, Imana ice inyica sinze kurenga urya muryango ! Nayo wewe ivyo uriko urambeshera, ndakurahiye uzovyishura incuro icumi !" Abacamanza niho basukamwo mabisi, bamwibutsa ko umushikirizamanza ariko akora akazi ajejwe.
Désiré Uwamahoro yabandanije avuga ikibi yakorewe mw'iperereza. Yaravuze iterabwoba ryo kwicwa yakorewe mu kiringo c'imisi ibiri. Yaranse gutomora ingene yaborejwe igufa kugeza naho akorora amosozi ari umugabo. Yabandanije avuga ko inyuma y'imisi ibiri, yahavuye yemera gusinya icegeranyo c'ububeshi, kubera yatinya kwicwa. Désiré Uwamahoro yavuze ko ayo mabi yayakorewe na Général de brigade Emmanuel Ndayiziga.
Ikindi yongereko nuko urutonde rw'abo bamusaba kubeshera rwari rurerure. Ni ukuvuga ko iperereza ryari rifise abandi benshi ryashaka gupfunga. Désiré Uwamahoro avuga ko yarahiye kubabeshera, ati ndemeye gupfa jenyene hako mbeshera abo bantu bose.
🔴 Désiré Uwamahoro ni NDE ?
Désiré Uwamahoro avuka hafi y'uruzi Ninga muri Village ya kabiri ya komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza. Bamwe mu bamuzi bavuga ko atoba yararengeje amashure matomato. Inyuma y'igandagurwa rya Prezida Melchior Ndadaye, Désiré Uwamahoro yinjiye mu kiroberi ca CNDD-FDD. Aho niho yamenyekaniye nk'umwicanyi atagira ikinya na gitoya. Bamutumye kwica benewabo basangiye urugamba, nk'ababa bakoze amakosa, yabikora mu kanya isase, ata kinya. Inyuma y'amasezerano yo guhagarika intambara, Désiré Uwamahoro yinjiye mu gipolisi c'Uburundi nk'intwazangabo ntoya. Hagati ya 2006 na 2007, Désiré Uwamahoro yakorera mu ntara ya Muramvya. Aho niho yatanguye kumenyekanira mu mabi adasanzwe yakoreye abo yikeka ko bakorana na Palipehutu-FNL muri komine Rutegama. Yakoze ubusho budasanzwe bwo mu kinyegero, abupfungiramwo abo afashe, amara imisi abakorera ibikorwa biteye ubwoba vyo kubaboreza igufa (torture).
Ku bwayo mabi yakoreye mu Rutegama, Sentare nkuru ya Muramvya yaciriye Désiré Uwamahoro igihano co gupfungwa imyaka itanu. Ariko ntiyigeze agikora, kubera yari ashigikiwe na Général Alain Guillaume Bunyoni. Mu ntumbero yo kubuza ko TGI Muramvya isubira kubaza ivya Désiré Uwamahoro, yahawe ipete rya Major, gutyo TGI iba iratakaje ububasha kuri iyo ntwazangabo.
Muri 2009, Désiré Uwamahoro yagize uruhara mw'igandagurwa rya Ernest Manirumva, icegera c'umukuru wa OLUCOME yishwe azira amatohoza yariko arakora ku birwanisho vyagurwa

Развлечения

Опубликовано:

 

13 ноя 2023

Поделиться:

Ссылка:

Скачать:

Готовим ссылку...

Добавить в:

Мой плейлист
Посмотреть позже
Комментарии : 48   
@undoyenezapeter8102
@undoyenezapeter8102 7 месяцев назад
Ariko Bunyoni yaramenje kandi Imana irahora uko vyagenda kose Bunyoni agomba kwishura amani yakoze. Ok nafatanye na RED Tabara yarwanyaga biyunge haaa
@mahirwe980
@mahirwe980 8 месяцев назад
2015 yishe abatutsi benshiiiiii bashika 500,arimubantu bishe Col Bikomagu na Gen Athanase Kararuza
@user-yz3zy1wy9v
@user-yz3zy1wy9v 8 месяцев назад
Uwo Désiré uwamahoro nayabone kbsa ubujuju bwiwe nibwo bwamutuma akora ayomabi yose kugira yemerwe.mwenizo nkozi zibibi zitwaza bibiliya ho imana ntiteba kumugaragaza.
@bukeyenezaeloi9589
@bukeyenezaeloi9589 7 месяцев назад
Arabesha burya, uyo Désire abana baba nyeshure bo kumtakura,na cibitoke, none ngo uwo Désire niwe yarondera abana babatutsi,, bakaja, kubgaburira, INGONA, yo kwa,,GENERARE,Adorufu ,iwabonabantu, nivyishi, imana, yonyene izimuhe impembo,akwiye
@carinemanirambona2708
@carinemanirambona2708 8 месяцев назад
Izoningaruka zamaraso yabana babatutsi yamenye bizobagaruka kugeza nomubuzukuru
@DeoNimpagaritse-vj7tk
@DeoNimpagaritse-vj7tk 8 месяцев назад
Nawese aratinya gupfa ivyoyakorera abana babantu aravyibagiye nagume hamwe nabado
@mugiranezapablon9801
@mugiranezapablon9801 7 месяцев назад
Harumunsi umwe muzishyura ibyo mwakoreye abandi kd bizatinda bizishika mwishyure wakoreye abandi
@ubushobozibwijamboryimanat2809
@ubushobozibwijamboryimanat2809 7 месяцев назад
Yarahonjeje kumabi bakorera abandi mukubatoteza
@user-il7pd9et7d
@user-il7pd9et7d 8 месяцев назад
Urakoze cane Kuriyo nkuru
@jeanclaudeakili2372
@jeanclaudeakili2372 7 месяцев назад
😂❤❤❤❤❤❤❤🎉ndakwemera dawe ❤❤❤❤❤🎉🎉🎉🎉!
@jeanclaudenimubona4471
@jeanclaudenimubona4471 7 месяцев назад
Ari munyishuuu
@user-et3ul7pk8k
@user-et3ul7pk8k 7 месяцев назад
Komera zuratubwira
@user-lf5fz1fx8l
@user-lf5fz1fx8l 7 месяцев назад
Iyukoze neza ukorerwa neza iyukoze nbi bikubako vyihuse ntawaraziko abo bazobona amahano nkayo
@user-zj9ri3mc4f
@user-zj9ri3mc4f 7 месяцев назад
Reka mukome mwarishe Abantu nakare musenyrri ruhuna yafyuye abavumye yuko muzafya mumara na ahubwo bate vye kubangegena mwamihiri mbirimwe ahubwo Iyo abakubita inkuba mwamihirimbirimwe harico Ura mbona Horo wankoziwe wamaraso😊
@uwizeyeghyslaine5468
@uwizeyeghyslaine5468 8 месяцев назад
Amarira yabapfakazi abavyeyi bahekuwe,inzira karengane n'ibindi tutavuze mw'ijuru hari Imana
@user-gg1mv7xc4g
@user-gg1mv7xc4g 8 месяцев назад
Zuravuga amakuru unyarutsa atakwikwega koresha unwanya
@JoJoKingPin.0482
@JoJoKingPin.0482 8 месяцев назад
😂😂
@user-vt4gp2cm8z
@user-vt4gp2cm8z 8 месяцев назад
Niyakire agakiza,ntakindi asigaje.Imana imuharire
@mugiranezapablon9801
@mugiranezapablon9801 7 месяцев назад
Nagaharirwe nanyamunsi Ahubwo se bamutweye iki ? Aboyishe ntibarabantu nyagupfana agahiri nagahinda
@xavierkabura4525
@xavierkabura4525 7 месяцев назад
😮😮😮 Ingero y'icaha n'urupfu,ariko ongabire y'Imana n'ubugingo budashira!!!
@user-pf1lg7kj9u
@user-pf1lg7kj9u 8 месяцев назад
Hano kw' isi umuntu ategerezwa kwimbura ivyo yarimye
@alikigenza2632
@alikigenza2632 8 месяцев назад
Kirya abandi bajya kukirya kikishaririza!
@ladislasmasabarakiza1012
@ladislasmasabarakiza1012 8 месяцев назад
Kumbe nawe yarunvise inkoni yicuma?
@user-yz3zy1wy9v
@user-yz3zy1wy9v 8 месяцев назад
Ubwo bwosozi nabwo bwingona yiririsha arahumba tu.Uwo yaramaze nogusiga umuvumo mumuryango wiwe
@user-zd9ck8km5i
@user-zd9ck8km5i 8 месяцев назад
Tout se paie ici bas. Izina Desire Uwamahoro rirazwi mu bugome butagira izina
@gabbylupittatv5607
@gabbylupittatv5607 8 месяцев назад
😂😂🤣🤣🤣🤣😂😂😂desile uwamahoro kweli Wacha tuu nicheke lakini malipo ni hapa hapa duniani
@johnphiri-vf3ih
@johnphiri-vf3ih 8 месяцев назад
Ukora iciza ukagisanga imber. Ugakora ikibi kigagukwirikira.
@user-md1sp5js8h
@user-md1sp5js8h 8 месяцев назад
Yooo 😭😭😭 kumbe yarumvise ukuntu ivyobahira bakorera abandiko bibabaza hamwe imana yohabakura ngira ntibosubira kurenganya abandi ese abobahoye ubusa nabo
@johnphiri-vf3ih
@johnphiri-vf3ih 8 месяцев назад
Yo bamutimba.
@user-zd9ck8km5i
@user-zd9ck8km5i 8 месяцев назад
Bahora bababwira ko kumena amaraso ari umuvumo. Niyaba afise umutima ubu yobibona, abandi mubonereho
@Krdsnge
@Krdsnge 7 месяцев назад
Isi nukwo nibabe batwitondera naho dukenye tuguma turabantu
@BavuganezaImmaculee
@BavuganezaImmaculee 8 месяцев назад
Nihatari ibintu vyububiragoye
@jabiletuyisenge8484
@jabiletuyisenge8484 8 месяцев назад
Bitubere isomo
@user-eh1tm2nu2m
@user-eh1tm2nu2m 3 месяца назад
Nibamwotse kand n,aband nibabonereho abakora amabi
@user-yh1vt4pz2r
@user-yh1vt4pz2r 3 месяца назад
Ngir ntac yobon Uraz Abant yahohotey Ahubw Iyobamukany Amagar Akumv Nimurek Arimunyishush
@ChantalMpawenimana
@ChantalMpawenimana 8 месяцев назад
Nakome ahubwo iyo bavuna kuko nawe 2015 yakoze vyishi bibi
@ErnestNduwimana-fi9qv
@ErnestNduwimana-fi9qv 3 месяца назад
Yarakwiye nawenyenakwicha kuko abo yishe ntizarimpene
@user-ot3px9ci3s
@user-ot3px9ci3s 7 месяцев назад
Muramwambitse ibara kugwego gohejuru ntamuntu numwe twamaze urugamba yishwe nadezire ndakurahiye sanze murababeshi cane nimbayakoze ikibi yobayabigize intambara yaraheze arimurureta nayo mwishamba ntakosa tumuziko rekakubesha
@thadeebonny3105
@thadeebonny3105 8 месяцев назад
ivyo umaze kubisubiramwo 3 fois
@JoelNtakirutimana-pu5iv
@JoelNtakirutimana-pu5iv 8 месяцев назад
Uwushak yocabugufi mugihe yashizwe hejur yabandi kuk ninyigisho Kuri benshi basigay kuk isi ihemba zéro!
@jacquesnemeyimana9607
@jacquesnemeyimana9607 8 месяцев назад
Urarenduka,documentaire zawe zirabishe kumviriza
@TelloTp-uz2eo
@TelloTp-uz2eo 8 месяцев назад
Abo nabo vyobashikira
@user-md1sp5js8h
@user-md1sp5js8h 8 месяцев назад
Ahubwo ndumuwe mbuze icokuvuga kumva yaramuze akabuye kabagabo akanka kureme ntaniriza abandi kandi wewe yarimuyabira🤔
@user-mh4xu7nm9o
@user-mh4xu7nm9o 2 месяца назад
Uyo Nisawusi ntaco yobona
@tangishakagerard5472
@tangishakagerard5472 8 месяцев назад
Yatinya Gupta 😂😂😂😂😂😂😂😂😂😂😂nawe yarishe haaaaa aragakizwaaaa
@user-il5fh4xg5x
@user-il5fh4xg5x 7 месяцев назад
Muravuga bike muzobazwe bike
@nkunzimanapatrick5463
@nkunzimanapatrick5463 8 месяцев назад
Murakora akazi neza ariko kuguma subiramw'amakuru every day 😂😂
@user-zi2gx4lz8h
@user-zi2gx4lz8h 8 месяцев назад
😂😂😂
Далее
Иран и Израиль. Вот и всё
19:43
Просмотров 1,3 млн
Smart Sigma Kid #funny #sigma #memes
00:26
Просмотров 4,8 млн
Будни в пекарне. Часть 8
0:58
Просмотров 2,4 млн