Umushumba mukuru wa Ekleziya Katorika y’u Rwanda, Antoine Karidinari Kambanda, ari mu rugendo mu ma reta atandukanye y’Amerika, aho yaje kugendera Ekleziya yaho. Mu kiganiro cihariye yagiranye n’Ijwi ry’Amerika, Karidinari Kambanda yasiguye ico Ekleziya Katorika yibaza ku bibazo bitandukanye birimwo ic'impunzi irya n'ino kw'isi, ico Vatikano ivuga ku bapfasoni bipfuza kuja mu mabanga y'abaseredoti, n’ahageze intambwe yo gutagatifuza bamwe mu banyarwanda n'abarundi bapfuye bazira ukwemera kwabo n'ukwanka guhemuka.
10 сен 2023