Тёмный

MUTAGA IV MBIKIJE (Umuduri ck Indono) 

Ikirundi C’Abarundi
Подписаться 6 тыс.
Просмотров 439
50% 1

Bgake
Umuduri ck Indono « MUTAGA IV MBIKIJE» ni indirimbo ivuga igandagurwa ry'Umwami Mutaga IV Mbikije » be n'Umwana wiwe yokwiswe MWAMBUTSA IV. Bagandaguwe na nde? N'Umwamikazi RIRIKUMUTIMA. Ingene biri ni uko Umwami MWEZI IV GISABO yongorewe n'Umuvubikiro (Umuryang w'Abaganwa bamuka kuri NTARE RUSHATSI CAMBARANTAMA barongora Abathutukazi gusa kandi baguma ubgami hafi ) ko Umwamikazi RIRIKUMUTIMA arenga ibigo. Umwami Mwezi Gisabo avyumvise akabirohoza aasanga ni vyo, yaciye yibaza ko Ubgami bg'Uburundi buhakwa gutoranwa n'Umwana atari rwiwe. Ni kwo guca arongora Umwamikazi NTIBANYIHA. Umwami yaratumye bamuronderere umwigeme akiri isugi. Bamuhaye Umututsikazi NTIBANYIHA. Umwami yaciye aheba Ikirimba aja kubana n'uwo Mwigeme akiri isugi. Mwezi gisabo yagarutse ku kirimba Ntibanyiha akuriwe imbanyi y,amezi indwi. Ni uwo mwana yagiye kuzanwa i bgami yitwa MBIKIJE ngo kuko « ari umwana abikijwe umwami!». Ni uwo mwana Umwami atanze yavumereye ko ari we azoba umwami Mutaga IV. Umwamikai Ririkumutima abibonye aca atora umugambi wo KUMENJA: ni ukuvuga kwica umwami. Ni kwo kubgira umuhungu wiwe BANGURA ngo atongoze amenya Umwamikakazi ari we MukaMutaga IV Mbikije. Umwami avyongorewe n'Umuvubikiro Mutaga mbikije aca aragwana na Mwenewabo BANGURA. Ko Mutaga IV Mbikije yari Umugabo w'ikigatanya akaba yarigishijwe kugwana n'Abavubikiro yaricishije inkota Bangura. Mukuru wa Bangura NDUWUMWE abibonye na we agwana na Mutgab Mbikije. Umugambi ntikwari ukumwica. Kwari ukumukomeretsa. Kuko carazira ko umwami akomerekera mu bintu bidatmoye nko kugwana apfa umugore n'uwundi muntu. Ni aho rero Nduwumwwe akomerekeje Umwami Ririkumutima yavuga ko birangiye yogomba akamureka. Inama y'igihugu yaciye ikorana Umwami baca BARAMUHOHOSHA : baramugandagura. Aba mbere bavuga ko we nyene yaciye yihungira aja i Banga aho yishwe n'ukutivuza inguma yaciwe n'imvukane Bangura na Nduwumwe. Aba kabiri bavuga ko we nyene yaciye yisabira Abavubikiro kumuha ubuki (kunywa uburozi agaca apfa) na rirya yari afise umuhungu azoba umwami yatanze. Aba gatatu bavuga ko yahohoshejwe n'Abanyakarama (b'Abatutsi canke Abatwa) barungitswe na Ririkumutima. Uko biri kwose yarasandavye ku wa 30 Munyonyo 1915. Yaciye asubirirwa n'Umuhungu wiwe akitwa MWAMBUTSA. Uwo mwana yari inzobe nka se kurya Abataga bari inzobe y'ikimonge. Ririkumutima ntiyahevye. Uwamenye ibanga aramena nirindi: Ririkumutima yaciye amenja ubga 2. Yaciye yicisha uwo Mwami akiri umwana maze aca amusubiriza Umwana w'Umuganwa KARABONA. Karabona arirabura cane n'umwana yari afise yarirabura cane. Ni MWAMBUTSA IV BANGIRICENGE. Yitwa BANGIRICENGE kuko bamuhazanirako « bamucenganirako » na we aa bintu vy'ubgami biri muri we. Ni aho uwo mwami bavuga ko afise amagenekerezo 2 y,amavuka. Imwe ni iya Mwene-Mutaga IV Mbikije. Iyindi ikaba iyiwe bgite. Ni «bangiricenge » kuko bamukwegera mu vy'ubgami Murundi ata n'ivyo yiyumvamwo. Ku kaba nka ko, uwo mwami avugwa ko yavukiye ahantu habiri! Ivy'uko atari umwami vyarabandanije ari co gituma atahengeshanije guhesha Uburundi buzigirijwe!
Mwambutsa IV nyawe yagandaguwe, harasigaye uwundi mwana murumunawe. iwe yari kuba umwami kuko Mutaga IV Mbikije yari yagandaguwe afise abahungu 2. Ubuheta yari Umuganwa KAMATARI Ignace. We rero ntiyigeze na rimwe yemera ubgami bga Mwambutsa. Ni kwo kugandagurwa mu 1965 kuko Mwambutsa yahungiye mu Busuwise (Suisse) habgirizwa kuronkeka umwami. Nta ko rero NTARE V Charles NDIZEYE yari kwimikwa Nyeningoma Ignace KAMATARI ariho. Abaganwa bo kwa Mwambutsa bamukubitira mu mutwe inyundo mu Buyenzi. Hanyuma imodoka yiwe baja kuyitembagariza mu gihonogori c'i Kiriri harya hari Kaminuza. Hari Collège Du Saint-Esprit.
Ingero y'Icaha ni urupfu: RIRIKUMUTIMA yishwe mu 1917 aciwe Umutwe.
Mugabo yagiye agize ihonyabgoko rya 2 mu Burundi ari ryo ryakorewe Abavubikiro. Ni irya 2 kuko irya mbere ryari iry'ukwica ABABANDA zina mwaka ku Muganuro. Abavubikiro barishwe, barcwa na « ica ngo ingo »! Barihutuye bose abandi barahindagura izina ry'umuryango ntara. Nta Muvubikiro apfa kukwibgira. Jewe naragize Imana zarampaye kuko umwe yaranyibgiye. Baranyazwe urukombamazi kuko baba i Ngozi h'ubu n'i Kiganda. Barashwiragiye igihugu cose baba abagererwa abandi baragita barahunga burundu.
Hariho uwogira inkuru isumba aho arazi ingene nunganirwa. Ndafise n'ibiganiro «Whatsapp » bibivuga neza cane.
Gwira

Опубликовано:

 

16 сен 2024

Поделиться:

Ссылка:

Скачать:

Готовим ссылку...

Добавить в:

Мой плейлист
Посмотреть позже
Комментарии    
Далее
How to win a argument
9:28
Просмотров 541 тыс.
Merab vs Sean underway!! 🚨 #ufc306
00:23
Просмотров 1,1 млн
MINECRAFT CREPPER EXPLODES SHARK PUPPET!
00:15
Просмотров 8 млн
Immanuel Kant: Critique of Pure Reason
11:03
Просмотров 5 тыс.
LERLAWRI FULL MOVIE EN VE R'U (Release a ni ta!)
9:39
Merab vs Sean underway!! 🚨 #ufc306
00:23
Просмотров 1,1 млн