Тёмный

Ubunyonyezi bwa 250millions mwishirahamwe LONA || Léa NGABIRE afadikanije na  

URUGENDO NEWS
Подписаться 116 тыс.
Просмотров 435
50% 1

𝗜𝗰𝗲𝗴𝗲𝗿𝗮𝗻𝘆𝗼 𝗰'𝘂𝗯𝘂𝗻𝘆𝗼𝗻𝘆𝗲𝘇𝗶 𝗯𝘄𝗮𝗯𝗲𝗿𝗲𝘆𝗲 𝗺𝘄'𝗶𝘀𝗵𝗶𝗿𝗮𝗵𝗮𝗺𝘄𝗲 𝗿𝘆𝗼 𝗴𝘂𝘁𝗼𝗺𝗯𝗼𝘇𝗮 𝗟𝗢𝗡𝗔.
Twashimye gushira ahabona bimwe mubiri mu cegeranyo dufise mw'ibanga cakozwe n'umurwi w'ubushikiranganji bw'ubudandaji ku bunyonyezi bwabereye muri LONA.
Kw'igenekerezo rya 06/05/2024 twarashize ahabona inyuruzwa ry'amafranga y'amarundi 250millions.Amafranga yanyurujwe muri fraudes yamarakarata yo gutomboza yateguwe n'umuyobozi mukuru,Léa NGABIRE afadikanije n'uwarajejwe ubutunzi,#DAF,Evariste NAHAYO.
Twaravuzemwo abakozi 2 bakoreshejwe mukunyuruza ayo mafranga baca barahungishwa hanze y'igihugu.
Munyuma,mur'uko kwezi nyene abategetsi ba LONA bose baratumweko muri sentare irwanya ibiturire"Cour Anticorruption",ariko gushika uno musi nta cegeranyo casohotse.Aha havurwa ubucuti budasanzwe hagati y'iyi sentare n'umuyobozi mukuru wa LONA,umuvugizi w'iyi sentare,Alphonsine NDIZEYE ni mutoya wa Léa NGABIRE,bava mu nda imwe.
None ibi vyoba vyatumye atacegeranyo gisohoka⁉️Ivyo navyo tuzovigarukako.
Umurwi uvuye mu bushikiranganji bw'ubudandaji waraje gukora amatohoza kur'ubwo busuma,uwo murwi uheruka gusohora icegeranyo n'aho batorohewe kuko umuyobozi mukuru wa LONA yari yahungishije abakozi bamwe bamwe,harimwo uwubika urupfunguzo rw'ahari ububiko bw'amakarata kuko abagize uwo murwi barinze baheza amatohoza batemerewe guhonyoza ikirenge aho hari amakarata nk'uko tubisanga mu cegeranyo.
Ni icegeranyo c'impapuro nyisnhi tutocisha hano cose.Twacaguyemwo ibice bigaragaza ukuntu hateguwe hongera hashirwa mu ngiro ubwo busuma.
Mur'ico cegeranyo,ku rupapuro rwa 21 na 22 barerekana ukuntu hateguwe iryo nyuruzwa ry'amafranga.
1.Agishika aho muri LONA nk'umuyobozi mukuru,Léa NGABIRE yaciye ahindura abakozi ashiraho abazomworohereza kunyuruza ayo mafranga.Yafashe uwitwa Innocent SIBOMANA amugira icegera c'umunyabigega mu gihe atavyo yigiye,Innocent yari yize informatique de Télécommunicatio,Niveau A2.
Ivyo vyarateye amakenga benshi kuko aho muri LONA hari abakozi bashika 6 bize ibijanye na comptabilité.
2.Innocent SIBOMANA kandi yabana mu nzu imwe na Fiston NDAYININAHAZE yari Contrôleur de 1er niveau.Aba bose uko ari 2 barahugishijwe igihugu inyuma yo kunyuruza aya mafranga nk'uko twabishikirije hano: x.com/KingBurundian/…
3.Muguhungisha abo bakozi bamufashije kunyuruza ayo amafranga,Léa NGABIRE yabahaye ama congé y'imisi myinshi kugira bace basohoka igihugu vyitwe ko bataye akazi,nk'uko bibonekera ku mpampuro bahereweko ayo ma congés.
Ubugenduzi bw'ubudandaji bwemeza ko umuyobozi mukuru n'uwujejwe ubutunzi bazi neza ibijanye n'inyuruzwa ry'ayo mafranga kuko kuko amafranga yinjira n'ayasohoka baba bayazi.
Ikibazo kiguma kigaruka n'ukuntu baretse uw'arajejwe ubutunzi agatanga imihoho kugira ahunge kuzobazwa aya mafranga kandi vyamaze kugaragara ko afisemwo uruhara.
None ayo mafranga azorihwa nande?Umuyobozi mukuru azoyariha?Uwo yarajejewe ubutunzi azoyariha?canke iyo dossier izoherera aho nyene?
Kuri rubo rubuga tugiye kubandanya tubashikiriza vyinshi biri mur'ico cegeranyo dufise mw'ibanga.#amakuru_atarikwivumbi
#urugendo_news
#daniel_mugisha
#news_updats_interview
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

Опубликовано:

 

8 окт 2024

Поделиться:

Ссылка:

Скачать:

Готовим ссылку...

Добавить в:

Мой плейлист
Посмотреть позже
Комментарии    
Далее
Million jamoasi - O'zbekcha UFC
17:55
Просмотров 365 тыс.
ОРБИЗ-ГАН за 1$ vs 10$ vs 100$!
19:01
Просмотров 433 тыс.
Comment le Mossad a infiltré le régime des mollahs
15:13
PAPA SAVA EP1109:NARI NKUKENEYE KURUTA IBINTU
23:47
Просмотров 33 тыс.
Million jamoasi - O'zbekcha UFC
17:55
Просмотров 365 тыс.