Kugira umutima wuzuye inyota y'Imana nivyo bishobora gutuma ubuzima bwacu bugira aho buvuye n'aho bushitse.
Iyi nyota idutera kuva mu bandi, tukarondera Imana tukinjira mu bihe vy'ubusabane nayo; aho itumenyesha umutima wayo, ikatwuzuza ibiyuzuye, tugahindurwa uburyo bwose tukaba abahizi bakora ibitandukanye n' abandi.
Inyota iyo itakigaragara mu buzima bw'umuntu haba gusubira inyuma gukomeye mu vyaha, ahari ubukristo naho hagasigara imigenzo y'idini gusa.
17 окт 2024