Тёмный

Burundi: abahinga bashikiriza iki kubijanye n'icegeranyo c’umurwi CVR? 

Isanganiro
Подписаться 69 тыс.
Просмотров 53 тыс.
50% 1

Muri kino kiganiro tugaruka ku cegeranyo cashikirijwe icese n’umurwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR kubijanye n’ubwicanyi bwabaye mu 1972 hamwe no mu 1973. Uwo murwi ukaba waremeje icese imbere y’Inama nshingamateka na nkenguzamateka yuko ubwo bwicanyi ari ihonya bwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw’abahutu.
Turashimikira cane cane kw’izina ryahawe ubwo bwicanyi nabo bwagira, insiguro za bamwe n’abandi, intambuko igiye gukurikira ico cegeranyo yoba ari iyihe ? Bifise inkurukizi izihe kubijanye n’ukuri n’ukunywanisha abarundi? Mbega abarundi ubwabo abatware n’ abatwarwa bogira inyifato nyabaki mu ntumbero yo kubana koko hagati y’abonse rimwe?
Muri kino kiganiro hari n'abatumire batandukanye,
harimwo abahinga bamaze gutohoza kuri ubwo bwicanyi buvugwa ko bwabaye muri kahise k’Uburundi:
- Aloys batungwanayo umushakashatsi mu murwi CVR, yanonosoye ibijanye na kahise,
- Professeur Evariste Ngayimpenda umwigisha muri kaminuza yanonosoye ibijanye na kahise amaze imyaka anonosoye ibijanye n’ubwicanyi bwo 1972
- Léa Pascasie Nzigamasabo umunyamabanga w’umurwi CVR
karimwo abo mu mashirahamwe y’ababuze ababo:
- Urunani rw’ababuze 1972 imbere n’inyuma y’uwo mwaka,
- Ishirahamwe AC Génocide cirimoso,
- Urunani CARAVI,
Harimwo abigisha bakunze gukurikirana hafi ibijanye na politike n’ubutungane bw’inyuma y’intambara
Harimwo kandi abaserukira imigambwe :
- Uwuserukira umugambwe UPRONA wari ku butegetsi mu 1972
- Uwuserukira umugambwe FRODEBU wari ku butegetsi mu 1993

Опубликовано:

 

11 янв 2022

Поделиться:

Ссылка:

Скачать:

Готовим ссылку...

Добавить в:

Мой плейлист
Посмотреть позже
Комментарии : 59   
@user-ch2dq6ob4o
@user-ch2dq6ob4o 3 месяца назад
Merci Mr banderembako uvuze neza.
@shakasalim855
@shakasalim855 5 месяцев назад
Uravuze ukuri
@deboranduwayezu2876
@deboranduwayezu2876 Год назад
Igikwiye kuba Ivyo vyose nibiveho bavuge ko habuze Abarundi nu Burundi. Kuko habuze Amoko yose kandi bose na Bana bi Gihugu bose. Ni bifutwe Abana bubu mumoko yose ntibabigomba. Imana idukunda twese Amoko nayo kuriyisi Dutahure ko imbere y'Imana umwumwe wese azobazwa Ivyo yakoze kuriyisi
@ndayizigajeanclaudejafari6677
@ndayizigajeanclaudejafari6677 2 года назад
Hari ibintu ntajyandahukigwa nigute mugihugu hashobora kuba ihonyabwoko rigahitana abanyagihugu barenga 300000.abatwara bakagenda babisikanya kuva ubwo bwicanyi bwagahomera bubaye 1972 gushika 1993 ndihagire numwe azana ubutungane kubabikoze ngobahanwe nibura nicibuso.ico kibazo cavyugwa nabandi imihari igaca ivuka he ngo nitwe twabikorewe iyo myika yose mufukafuka ngo agafuye kabazwa ivu 😭ikindi naco mumateka yuburundi mubihugu bibanyi vyose imbunzi Zikaba zubwoko bumwe
@anastasiemugisha2610
@anastasiemugisha2610 2 года назад
Ukuri mu barundi kuragoye! Ubwicanyi bubera isaha imwe Bururi, Bujumbura, Cankuzo bugakorerwa abantu bari mu bwoko bumwe, bwoba butari bwateguwe? Abo bamanuka bariyo aho hose?🤔
@anastasiemugisha2610
@anastasiemugisha2610 2 года назад
Ubwicanyi bwakozwe mu Cankuzo nabwo bwokwitwa gute? Ko atabamanuka barIyo🤔
@shakasalim855
@shakasalim855 5 месяцев назад
Ndakwemeye nturyumunwa
@user-cu5yi3gt4r
@user-cu5yi3gt4r 5 месяцев назад
Turakwemera urumuhanga ivyuvuze nukuri ukomeze kuvugishukuri
@jeanmarievianneynshimirima1079
@jeanmarievianneynshimirima1079 2 года назад
Ibiganiro nk'ibi bikwiye kurwizwa.
@melchiorntiruhenura9739
@melchiorntiruhenura9739 Год назад
Merci Denis.-
@zabulonniyo2062
@zabulonniyo2062 Год назад
Maitre ni umushingantahe avuga ukuri umugabo avuga atumbereza adahengamye kandi abagabo nkabo igihugu nico gikeneye
@HB-vj5zo
@HB-vj5zo Год назад
Je numva mwese mur'abagabo pe. Mubandanye uko kuko generations ziri inyuma yanyu zizovyitunganiriza Uburundi bube une nation koko haveho ivyo bintu ngo deux peuples. "Une nation divisée ne peut pas subsister"( Jésus Christ). Mwese muratomoye ariko Ndashimye cane Maître Segatwa na Pr. Denis.
@ndoricimpaelyse7752
@ndoricimpaelyse7752 3 месяца назад
Olivier ntaharire Uprona mufisemwo akaboko kubwicanyi bwabaye 1972.
@nicodemendikumana3954
@nicodemendikumana3954 Год назад
Abatusi barapuye. Ikibazo mukwiye gushimikirako n'iki: Abatutsi bishe abahutu babahora iki? Abahutu bo bishe abatutsi babahora iki?
@boobohhh3029
@boobohhh3029 Год назад
👌⚘
@HB-vj5zo
@HB-vj5zo Год назад
Ariko kunywana inzoga ntibisigura ko arikwo kunywana nyakwo, yego n'imwe muntambwe ariko Hari igihe habamwo uburyarya bwinshi.
@jeannepomuscenenahimana3799
gutukana ntakamaro bifise ahubwo ukuri nikwo kubabaza abapfuye barapfuye ahubwo nibiduhe icirwa kugirango tuze turage abana urukundo
@user-ch2dq6ob4o
@user-ch2dq6ob4o 3 месяца назад
Ndabumvirije ndanumva ko yari businesses kabisa .abanye politique base bari bafise inda ndende raba nubu niko bimeze .Kandi aritwe twabayoye ubuke raba uko budusagirije imifuko yabo yuzuye .
@assumaninshimirimana5579
@assumaninshimirimana5579 2 года назад
Vyizacane izina bahaye icogitabo ryohinduka.
@bjbbanderembako8321
@bjbbanderembako8321 2 года назад
CVR numugwi ujejwe kuzurakaboze nukudyanisha Abarundi bagire nubukene buzura inzara bukokora
@kananisarafe8582
@kananisarafe8582 Год назад
Ayo matohoza yarakwiye nogushika muntara za Cibitoke,Bubanza. Kwitariki ya 29/04/1972 half-year benshi murajeyo gutohoza.
@christineniyonkuru279
@christineniyonkuru279 3 месяца назад
Ihonyabwoko ryarahabaye ku bwoko bwose abahutu barapfuye abatutsi barapfuye rero cvr nireke kuzura akaboze ubu abarundi bakeneye amahoro kandi ubu bose basangiye amagogwa igihugu kirimwo cubukene buzura inzara ikindi tutibagiwe nuko nubu ubwicanyi bugihari ariko hapfa abahutu nabatutsi kuko ubu bose barafatanye munda
@nsavyinganji
@nsavyinganji Год назад
Iyo raporo y'impapuro 1500 ikwiye kuva hasi ija hejuru (enquête verticale allant de bas vers le haut) kuko bahereye kuva hejuru baja hasi (de haut vers le bas). Nkumbure tworonka ukuri kuko abanyagihugu bo mu mitumba ntibabesha nk' abanyepolitike
@nicodemendikumana3954
@nicodemendikumana3954 Год назад
Abapfuye bitwa abamanuka ntaco bipfana n'intumbero y'ico kiganiro kuko vyoshoboka ko hoba hamanuka ayo moko yose.
@user-ch2dq6ob4o
@user-ch2dq6ob4o 3 месяца назад
Elvis uvuze ukuri haronderwa igitsina gabo gusa.
@marieniyongere3329
@marieniyongere3329 2 года назад
Abahutu, abatutsi n’abatwa mwibagiye boose ko bari mu mugambwe Uprona ?
@CaritonNsabimana-to6wu
@CaritonNsabimana-to6wu Год назад
E😮
@semuganzabicusulaiman2353
@semuganzabicusulaiman2353 2 года назад
Nakino kiganiro vyonyene kirimwo amacakubiri ntaburinganire burimwo. Kuko abatutsi mwabahaye umwanya muto cane hama abahutu mubaha umwanya munini wokuvuga ivyabo.
@isanganiro5620
@isanganiro5620 2 года назад
Sulaiman, twibuke tuze turakoresha imvugo yubaka !
@niyonizerajeanmarie9828
@niyonizerajeanmarie9828 Год назад
1
@aratmonaco342
@aratmonaco342 2 года назад
Uyo muhinga wikinyoma abo avuga ko Hari ibimenyetso yivyariko borate gurwa kwihonya bwoko ryabatutsi ko atabivuga ntazi ko ihonya bwoko ritegurwa na reta
@melchiorntiruhenura9739
@melchiorntiruhenura9739 Год назад
Arusha uwoshaka akayireka gato kuko yari business yo kugabura ubutegetsi.-
@mutabazimichael8404
@mutabazimichael8404 2 года назад
Next time le modérateur yopfuma azana un Timer ou compte à rebours kuko ni kenshi qu'il a interremput les panelistes surtout (Ngayimpenda et le président de l'uprona) lorsqu'il était sur le point de donner et élaboré un point intéressant, néanmoins magnifique conversation, il faut les multiplier avec beaucoup plus de panelistes afin qu'un jour des débats nationales puissent avoir lieu et qui sait peut être même une conférence nationale.
@Bibonimanagilbert461
@Bibonimanagilbert461 2 года назад
Ikiganiro cama ari ciza. Niho havamwo ukuri. Ukuri nakwo si ukwa bamwe canke abandi , ni ukuri
@Bibonimanagilbert461
@Bibonimanagilbert461 2 года назад
Ukwo kuri nikwo kuzokiza igihugu nabeneco
@Bibonimanagilbert461
@Bibonimanagilbert461 2 года назад
Bamwe n'abandi nibaguma bikwegerako, nta mahoro azopfa abonetse
@Bibonimanagilbert461
@Bibonimanagilbert461 2 года назад
Tugarure rero akenge, turonderere hamwe ukwo kuri , amahoro arama aboneke, habe iteka n'itekane mugihugu, tureke kwama mundyane, tureke kwirigwa turahamba, abarundi batunge batunganirwe, abataye bakomoka batahukanwe , hanyuma basubire banywane nk'uko vyamye imbere y'intwaro z'abakavamahanga
@Bibonimanagilbert461
@Bibonimanagilbert461 2 года назад
Hanyuma, ikiganiro nk'ico kirakwiye gutunganywa kuva kumutumba/quartier kikaduga gushika kurwego gw'igihugu, icegeranyo c'ivyapfunditswe kikemezwana parlement hanyuma kikazoba ifatiro y'invene igihugu gutunganywa, kikaja mw'ibwirizwa Shingiro.
@leonardndikumana6019
@leonardndikumana6019 Год назад
1969 et1971 ko mwasinvye nl lkihe?
@rosehakizimana8691
@rosehakizimana8691 Год назад
ABICANYI NTIBASHOBORA KWIGIRIRA ICEGERANYO NUKUGIRA UMUGWI WIGENGA KUKO BASHIMWO ABABAGAMBURUKA MERCI
@denisebirakera823
@denisebirakera823 Год назад
q
@rosehakizimana8691
@rosehakizimana8691 Год назад
Accord Harusha yavuga ko Hashigwaho Umugwi ugizwe n Abantu batandukanye Mbere harimwo Abanyamahanga Kandi bakaraba ko Atamuntu wo Mumugambwe wagirizwa Ihonyabwoko yojamwo
@rosehakizimana8691
@rosehakizimana8691 Год назад
2 Hari hategekanijwe kandi ko Baca bashiraho Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu yerekeye Uburundi Bivugako Izo Nzego zibiri zari kuba zikorera rimwe kugira Ababonetse kobakoze ivyo vyaha Sentare ice ibakurikirana
@rosehakizimana8691
@rosehakizimana8691 Год назад
Ivyo vyose CNDD FDD YSRABIRENZEKO IshirahoAbantu bayo kuko bazi ko IVYO VYAHA ARIBO BABIKOZE NIMWAGIRA IMPARI BAZA IVYABAYE I BUTA BUGENDANE BUTEZI TEZA MU MABARABARA BUJUMBURA BUGARAMA AHO BAHORA BICA ABATUTSI BABAKUYE MU MAMODOKA BAKABANZA KUBARISHSA AMAZIRANTOKE KUVA 1994 1995 1996 AHO SINOKWIBAGIRA 1993 AHO FRODEBU YAHAMAGAYE URWARUKA RW ABAHUTU KWICA ABATUTSI BOSE NGO NUKWO NDADAYE YISHWE NKUKO WOMENGA YARI PRESIDENT W ABAHUTU GUSA
@rosehakizimana8691
@rosehakizimana8691 Год назад
AHO GUFATA ABAMWISHE NGOBABE ARIBO BAHANWA I WACU I BUGENDANE ABAGORE N ABANA BATURIRIWE MU MASENGERO ABAGABO BARABOHWA BABICA NABI CANE NONE ABATWARE B IKI GIHE BATUMARIYE ABACU UBU NIBO BACAMANZA EWE BURUNDI URATEYE AGAHINDA
@desireirambona2319
@desireirambona2319 2 года назад
CVR yakoze igikorwa yatumwe nabanyapolitike bamwe bamwe bari kubutegetsi. Ni commande politique a des fins politiciennes. Nibaza ko CVR iyo ikaba objective yari kwitura aba experts nationaux et internationaux bagafasha mubintu vya recherches et techniques. Kira ubu mu Burundi cane cane urwaruka, Abarundi bariko bararengera ivyamoko. Abarundi benshi bafise denominateur commun, nubukene nagatotezo. Abo bakozi ba CVR bariko baca ikiraka kugira buzuze inda zabo, nabacangero. Iyo CVR igashikiriza comme rapport etape une sans qualifier. C 'est une fuite en avant.
@nzitondamelancestive3271
@nzitondamelancestive3271 Год назад
Oya uwo mutama mureke avuge avuge ahubwo iyo cvr haraho womengo yaratumwe ati utegerezwa gukora ibi kuko he ndabona ko Ari kuryanisha badahinduye intumbero biragoye
@deboranduwayezu2876
@deboranduwayezu2876 Год назад
Utavuze ico bagomba ntibemera ko uvuga birateye isoni
@freddymwanza4548
@freddymwanza4548 Год назад
Ndunva hakozwe amabi mechi abaganwa bobo mwatohoje bahambwe he ? Ntakinogo nunvise cabaganwa .ntabo nunvisemwo muratubariza Aho bari
@aratmonaco342
@aratmonaco342 2 года назад
uyo yiyita umuhinga avugako Hari ihonya bwoko ryabatutsi wosanga abiwabo bari murabo bariko bica abahutu uyo nawe numwicanyi
@isanganiro5620
@isanganiro5620 2 года назад
Mugenzi, twitwararike gukoresha imvugo yubaka
@mosesnkurunziza5953
@mosesnkurunziza5953 2 года назад
ABAVUGA KO HARI HATEGUWE IHONYA BWOKO RYA BATUSI TWASHAKA BADUSIGURIRE ISANO RYA BATEYE MURI SUD NU RUPFU GWA NTARE WA GATANU NDIZEYE CHARLES NIMBA NTIHENZE NUKO IRYO JORO NYENE INTAMBARA ITERA NIRYO BACIYE BICA UMWANA WU MWAMI AHO VYUKURI RETA NTA RUHARA YAGIZE MWIYO NTAMBARA KUGIRA IBONE UKO YICA NDIZEYE
@gerardmfura4354
@gerardmfura4354 Год назад
Uwo mugwi ntaco umaze atari kuryan Isha abarundi ivyo ntaco bitwungura kko ibiduhanze sivyo
@gerardmfura4354
@gerardmfura4354 Год назад
Abana banyu nibaba Nabi muzobibazwa kuku nimwe mubibabibamwo
@marierose9163
@marierose9163 Год назад
Stupid comment. Hatuta avancé juyabatu kama weye.
@charlenehatangimana8468
@charlenehatangimana8468 Год назад
Icoha amahoro abahutu uravye uko bavyuma nuko bokwihora abatutsi.ariko abatutsi batari bamwe bakora ivyo vyaha kuko benshi ntibakihari kandi ntibaziga kuboneka muga bene kubikorerwa bo babona ko Abo babona aribo Babi banabikoze.
@elvisnzeyimana8895
@elvisnzeyimana8895 Год назад
Ihonyabwoko nibaza ko iri trop exagéré kuko uko numvise haronderwa cane incabwenge n'abakuze.Abagore,abana ntibaronderwa rwose nkuko twumvise muzindi génocide zabaye kw'isi. Rero nibaza ko habaye un massacre non génocide.Muntahuze nimba nihenze.
@ndabarushimanadamiyano6533
@ndabarushimanadamiyano6533 Год назад
111111111
Далее
Ikiyago n’abahoze ari abakuru b’igihugu
1:59:23
Просмотров 11 тыс.
Наше обычное утро 💕
00:42
Просмотров 298 тыс.
ТРОЛЛИНГ СКАМЕРА СТАНДОФФ 2
00:59
Isanganiro: Amakuru yo ku wa 26 Mukakaro 2024
14:22
Просмотров 1,2 тыс.
Kuva mu mwaka wa 2015, Uburundi bugeze he?
1:08:53
Просмотров 16 тыс.
Invest in Burundi: Success stories
25:28
Просмотров 29 тыс.
Наше обычное утро 💕
00:42
Просмотров 298 тыс.