Itariki zine z'ukwezi kwa 11 umwa w'2020, Professeur Evariste Ngayimpenda, kw'izina ry'umurwi w'abanyepolitike bavuga ko ari abadasigana ba UPRONA itavuga rumwe n'ubutegetsi, yandikiye umushingamateka Abel Gashatsi, umukuru w'uwo mugambwe, amusaba ko hosubira kuba ibiganiro vyofasha abadasigana kwiyunga. Ivyo na none, ngo biri mu vyo barondera imbere y'amatora aheruka ngo kugira bayajemwo bari umugambwe umwe wiyunze mugabo birananirana.
Mbega vyanka he kugira ngo abo bavuga ko ari abadasigana ba UPRONA baje hamwe ? Kino gihe umuntu yovuga ko koko hariho UPRONA itavuga rumwe na Leta n'iyivuga rumwe nayo ? Hariho iyemewe n'iyitemewe n'ubutegetsi ? Ukutumvikana hagati y'indongozi za UPRONA vyoba bifise ingaruka izihe ku banyamigambwe basanzwe ? Kwiyunga vy'uwo mugambwe hamwe vyoba koko ari nkenerwa vyoshoboka gute ?
Ido n'ido ni muri kino kiyago co ku nama.
4 окт 2024