Muri kino kiganiro, tuyaga ku vyerekeye ugutahuka kw’abanyepolitique bahunze kuva mu mwaka w’2015. Hari bamwe bamaze gutaha, hakaba n’abakiri hanze y’Uburundi.
Abanyepolitique bari hanze boba biyumvamwo gutaha mu gihugu c’amavukiro? Hoba hari intambamyi zihanze abipfuza gutaha ? n'igiki leta itegerezwa gukora canke abo banyepolitique bo basabwa iki kugira ugutahuka kwabo gushoboke ? ugutahuka kwa bamwe muri abo banyepolitique bizana akarusho kameze gute mu gihugu ? hakwiye iki kugira abanyepolitique bahunze bagaruke kwubaka igihugu cabo ? Nivyo dushimikirako.
Abatumire ni :
1. Pancrace CIMPAYE, aheruka gutaha inyuma y’imyaka 6 ari hanze y’Uburundi ; yahoze ari mu runani CENARED, rugizwe n’abatavuga rumwe na leta bari hanze y’igihugu, yarigeze kuvugira umugambwe Sahwanya Frodebu;
2. Anicet NIYONKURU, umukuru w’umugambwe CDP, nawe yarigeze kuba mu buhungiro, uno munsi ni umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru, ubuhinga bwa none n’ibinyamakuru,
3. Honorable Léonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU,
4. Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano
10 июл 2021