Kuva hatanguye ayo ma missions y'abasirikare aho baronka agashiruka bute gafadika, aho za somalie, Centreafrique, murabizi ko cane cane abasoda basigaye i Burundi babonye ko abavuye muri ayo ma missions baje bafise uduhera two kwubaka, murazi ko hari ama quartiers yitwa Mogadisho, batanguye gutanga ibiturire kugira babashire kuri liste yokuja muri ayo ma missions, ubwoko bwose. Muca mwumva ko atagisikire kizima kikihari. Igisikare carataye akaranga, n'akanovera. Ubu n'impehe nsa.
Igisoda catanguwe gusambugwa na Buyoya, n'bandi basoda babatutsi bari mu nzego zohejuru iruhande ya Buyoya babigizemwo uruhara kandi turabazi. Aba DD baje bahohosha n'ubu barabandanya. Ahubwo nuguhimiriza abasore n'inkumi bakwije ivyangombwa, atabikwije babirondere babandanye binjira mu gisoda no mu gipolisi no muzindi nzego z'umutekano.