Тёмный

#Neva 

URUGENDO NEWS
Подписаться 115 тыс.
Просмотров 54 тыс.
50% 1

Amajambo Prezida Ndayishimiye ariko arakoresha mu guhimbaza imyaka ine amaze ku butegetsi arateye ubwoba. Mw'ijambo yashikirije ku wa 18 6 2024, Prezida Ndayishimiye yarashimitse ko hari abantu bashaka kuzana imigumuko mu gihugu bitwaje ubukene bw'igitoro. Ni naho yaca avuga ko Abarundi ari #Intashima. Mu gikorane cari kimaze imisi i Nyabihanga, aya majambo y'imigumuko itegurwa yaragarutse. Kandundura yabonetse mu mpera y'igikorane (22.6.2024) aho Ndayishimiye yatangaza ko hari indongozi yatumye igitoro kibura, maze irabuza rwose ko hari abazana igitoro mu Burundi. Uwo mutegetsi yoba yitwaje ko himirije Coup d'État mu Burundi, ahandi naho yerekana ko ata mafaranga yo kuriha igitoro azoboneka. Uyu mutegetsi Ndayishimiye agira ateko amagorwa yose y'igihugu yoba ari nde ?
🔴 Yoba ari Reveriyano Ndikuriyo ?
Kuva Reveriyano Ndikuriyo ahabwa kurongora CNDD-FDD, ni kenshi yerekanye ko atagendera mu kwaha kw'umukuru w'igihugu. Ni kenshi yagize inyifato n'imvugo zisa n'ugupinga Prezida Ndayishimiye kugeza aho hatangura urukurukuru ko Ndayishimiye afise umugambi wo guhindura umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD ataraheza ikiringo. Ndikuriyo afatwa nk'uwuri kw'isonga ry'abitwa ko bagendera mw'iragi rya Petero Nkurunziza. Kuva mu mpera z'umwaka uheze, Reveriyano Ndikuriyo yarahinduye inyifato, asigara aboneka nk'uwahevye gupinga Umukuru w'igihugu.
None yoba ariwe yatanze amategeko yo kubuza igitoro kuza ? Amasoko yacu avuga ko vyogorana ko umukuru w'umugambwe atanga amategeko nk'ayo mu gihe igitoro gitumwako na Leta. Nta bubasha Umukuru w'umugambwe afise mu bijanye n'amasezerano Leta igiranira n'abayizanira ibidandazwa.
🔴 Yoba ari Général Prime Niyongabo ?
Kuva mu ntango za 2023, ni kenshi vyavuzwe ko Général Prime Niyongabo ashobora kubogozwa mu mabanga yo kurongora igisirikare c'Uburundi. N'amazina y'umusubirizi wa Général Niyongabo yaravuzwe. Amasoko yacu yarameje ko hariho abasirikare bakuru bahoze muri CNDD-FDD basavye Prezida Ndayishimiye gukura Général Niyongabo. Ayo masoko aravuga ko n'umukuru w'iperereza (SNR) yoba yaratanze raporo zibiri zisaba ikurwa rya Général Prime Niyongabo. Rimwe mu masoko avugana na Prime Niyongabo ryaratubwiye ko Général Niyongabo yageze aho aremerwa akiyumvira gusaba Umukuru w'igihugu ko yomuhindurira amabanga.
None Gênera Prime Niyongabo yoba ariwe ageze aho yiyumvira coup d'État akandikira abazana igitoro ko bobireka ? Amasoko yegereye Prezida Ndayishimiye yatubwiye ko atari Général Niyongabo yakoze ico kintu. Amasoko yacu yose avuga ko intambara yo muri RDC yatumye Ndayishimiye na Niyongabo basubira kwegerana. Muri kino gihe, Evariste Ndayishimiye arizigiye ko Prime Niyongabo yomukingira abogerageza kumutembagaza.
🔴 Yoba ari Gervais Ndirakobuca ?
Umuntu avugwa ko afitaniye imigenderanire mibi n'umukuru w'igihugu, muri kino gihe, ni Lieutenant-Général Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere. Ku kibazo co kumenya nimba we yoshobora kubuza ko igitoro kiza, amasoko yacu avuga ko nk'umukuru wa Leta iba igenewe ivyo bitoro, ko Ndirakobuca yoshobora kubuza ko igitoro kiza. Ikigoye kwemera nuko yokwubahuka kubikora ku mugaragaro akoresheje izina ryiwe. Amasoko yacu yose yibaza ko Ndirakobuca atokwiuahuka kwikwegera gutyo.
Amasoko yegereye Prezida Ndayishimiye yo yatubwiye ko umukuru w'igihugu yikeka rwose ko Gervais Ndirakobuca hari imigambi mibi arimwo. Yoba anamukeka ko hari amanama akora mu kinyegero bugorovye, akagenda yiyoberanije, akiyunguruza muri camionnette imwe gusa ari kumwe n'abapolisi bamucungera. Hari abandi bategetsi bo hejuru cane bakekwa ko nabo nyene biyoberanya bagiye muri izo nama (ntidushimye kuvuga ayo mazina).
🔴 Ubwo si irementanya rirondera Gervais Ndirakobuca ?
Kuva Umushikiranganji wa mbere avugiye mu Nama Nshingamateka ko ata nyishu afise ku kibazo c'igitoro, abegereye Prezida Ndayishimiye barashavuye cane. Mu nkuru iheruka, twarababwiye ko n'imigambi yo guhagarika Gervais Ndirakobuca yari yafashwe mw'iperereza mu gihe yari guhirahira agatangaza ko atanze imihoho. Birashoboka ko ubu naho abo mu ruhande rwa Prezida Ndayishimiye boba bagira bate kuri Ndirakobuca ibijanye n'ibura ry'igitoro.
Imvugo Prezida Ndayishimiye yakoresheje i Nyabihanga isa n'iyidahuye n'ukuri. Mu ndwi iheze, mu Nama Nshingamateka, umushikiranganji w'ikigega ca Leta, Audace Niyonzima, yarerekanye neza ko Uburundi bufise ingorane ikomeye yo kuronka amafaranga mvamakungu yo kurangura igitoro. Mw'ijambo Prezida Ndayishimiye we nyene yashikirije Abarundi ku wa 18.6.2024, yarerekanye ko ingorane y'igitoro iva kw'ibura ry'amafaranga mvamakungu kubera abarundi bashobora ibintu bike hanze. Mu gikorane nyene c'i Nyabihanga, Prezida Ndayishimiye yerekanye ingene abarundi basigaye bagura imiduga myinshi, amapikipi n'amamashini yo gukwega amazi no kwatsa am
#amakuru_atarikwivumbi
#Amakuru_yurugendo_news
#Updats_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

Опубликовано:

 

28 сен 2024

Поделиться:

Ссылка:

Скачать:

Готовим ссылку...

Добавить в:

Мой плейлист
Посмотреть позже
Комментарии : 53   
@MartinNiyukuri-n2t
@MartinNiyukuri-n2t 3 месяца назад
MUGISHA tukwemera kumakuru meza udushikiriza Hama ivyobihemu navyo nibimarane ivyobijuju
@DesireMuhoza-jh9sy
@DesireMuhoza-jh9sy 3 месяца назад
Nivyo yavuze neza
@DesireMuhoza-jh9sy
@DesireMuhoza-jh9sy 3 месяца назад
Mutama wacu baramugora
@IsmaelNzoyikorera
@IsmaelNzoyikorera 2 месяца назад
Asha niwaguma uvuga ivyuburundi nururimi ruzobura amate kuko kugez ubu ntitubitahura kirets Imana yonyene
@NkusiNkotanyi
@NkusiNkotanyi 3 месяца назад
Nukuri bamuhirike kuko president wanyu ntanubwo wamenya kwari general,atinya guhana,iterambere ryigihugu ryaramunaniye Ikindi nta president wirirwa mubikorane yirirwa abwira abaturange ngo imana imana Shame on him kbsa
@HamufariMpawose
@HamufariMpawose 3 месяца назад
Nibarabe bakirase rwi neva
@abdourrahman3126
@abdourrahman3126 3 месяца назад
uwo binaniye agirango ibirago biranyerera.
@NtakarutimanaIriho
@NtakarutimanaIriho 3 месяца назад
None mwiyo Myaka Ine yakoze Iki gituma bamushima
@schollaschol3948
@schollaschol3948 3 месяца назад
Imana izotubsrire igihu cacu
@ProsperNdacabagoye
@ProsperNdacabagoye 2 месяца назад
Ego. Vuga vyose. Sambura abanypnyezi.
@NdabihawenimanaInnes
@NdabihawenimanaInnes 3 месяца назад
Imana niyo yogutabara igihugucayo
@ErnestNiyongendako
@ErnestNiyongendako 3 месяца назад
Vyarabacanze baguma bahindagura invugo
@omernshimirimana
@omernshimirimana 3 месяца назад
Ntitukivuga abarundi ubu nta president abarundi dufise wapi kabisa!!
@LonginNahimana-u7f
@LonginNahimana-u7f 3 месяца назад
Nihatari kweli imana nidutabare ivyo.ntibibe
@alexsentore2351
@alexsentore2351 3 месяца назад
Muta turashima ariko gerageza uvuge unyarutsa amakuru aryoha uyanyarukije.
@AkimanaJeannette-tz1to
@AkimanaJeannette-tz1to 3 месяца назад
Ntivyoroshe kbx
@CESARIEHAKIZIMANA
@CESARIEHAKIZIMANA 3 месяца назад
@nadiavyukusenge4970
@nadiavyukusenge4970 3 месяца назад
Usubiriye kuja urashirako foto zabirya biyoka,nzocamba désabonner
@BelyseIrakoze-k7e
@BelyseIrakoze-k7e 3 месяца назад
turi ba 2
@raissadusabe3918
@raissadusabe3918 3 месяца назад
Uwo mugabo maze kubona ko asoma ivyo pacifique aba yanditse
@spesirakiza7063
@spesirakiza7063 3 месяца назад
Komeza utubwire iyo nkuru 😮
@eliezer2018
@eliezer2018 3 месяца назад
Nivyiza amakuru meza cane
@felicitenibogora8569
@felicitenibogora8569 3 месяца назад
Ndayishimiye arabona ko igihugu camaze gushika mu kinogo kuva kera. Rero kubera ata capacité afise yo kumenya ingene bateza imbere igihugu, umwanya wose awukoresha mu kwagiriza bariya canke bariya. Ikibaye cose yama afise uwo agira responsable y'ibibaye. Yama ari muri éternel accusations. Eh mama ni naka yatumye haba ibi, eh mama naka nawe n'igisuma yamaze ibintu vy'igihugu, eh mama barabesha kuko hari umuntu umwe nabonye yubatse inzu nziza rero bivuze ko abarundi bose bamerewe neza, eh mama jewe ndarya neza rero bivuze ko ntumva abo binanira kurya neza, n'agahinda, n'umubabaro ntazi ikizowudukurako
@davidbizimana-sp4ms
@davidbizimana-sp4ms 3 месяца назад
None ko bamuzi. Niberekaneko abesha bakizane.
@GeorgesByabagabo
@GeorgesByabagabo 3 месяца назад
Le général Mugisha Daniel en tenue de combat , général dans l'ancien parti cnl d'agaton rwasa et porte parole ce ce même ancien parti cnl ! Au lieu de parler de rwasa et de l'ex. cnl il se contente de critiquer le parti CNDD-FDD au pouvoir c'est ce qu'il trouve bon à diffuser , tjrs les mêmes mots les mêmes critiques et tjrs en exil à l'infini pole sana .
@jacquesntabagara2702
@jacquesntabagara2702 3 месяца назад
Yes and looking good, real soldier, big up to you Daniel.
@GeorgesByabagabo
@GeorgesByabagabo 3 месяца назад
Bonjour Jacques , la tenue de combat que Daniel porte pendant le journal télévisé du cnl inyankamugayo a disparu , c'est pour vous demandez de lui octroyer une autre tenue de combat et vous serez récompensé par l'ancien cnl inyankamugayo
@joselyneuwimana1736
@joselyneuwimana1736 3 месяца назад
Ndagukunda Danny
@JulienNsengiyumva
@JulienNsengiyumva 3 месяца назад
😂😂😂😭😭
@NdayisengaElda
@NdayisengaElda 3 месяца назад
Urumusenere ndaziko atakundi wovug iconzi nuko nah hoja kuwundi vyogenduko abarundi murikunda
@irakozedivin-y3e
@irakozedivin-y3e 3 месяца назад
Kuva.Nkuruziza yi giriye niho C.N.D.D F.D.D yishiriwe kuko kungoma ya muzehe wacu Nkurunziza vyari bigoye kwisuka mumugambwe .ariko Ubu niba garame bonkwe kuko barinjiriwe kandi ntamaso uyo mugambwe ukigira nta bwenge nta gushishoza .Ubu ico bashoboye nuguhubuka gusa . Ariiiko nka ba shatse kwica imbonera kure zinkoro Koro muri coudeta yahakije Nkurunziza Ubu nibo bambaye uruhu gwintama babashira imbere mumigambwe kandi ibiti vyimbere neza neza .bene umogambwe mumaraso bigijwe inyuma rero .ni mugarame mwonkwe ni mwe mwikwegeye ikara mumumpuzu .nkico gihura mutwe ngo ni Neva 😂😂😂ubwo yabahenze ubwenge nyabaki bwari gutuma munuha igihugu .ubundi uyo mukuru wumugambwe niki yaba shukishije ngo mumuterekeho 😂😂😂😂😂kabisa ibifyiti vyabo yara bafashe kabisa ubwenge bwose ngo pi.mbe ubwo nabwo ngo butwara imigambwe mumako mine mwarirangagije ko aribo bahiga abanya mugambwe bo hasi banyarucari???? ni mumarane basha kuko birabakwiye
@PhilippeHARUSHIMANA
@PhilippeHARUSHIMANA 3 месяца назад
Ikintu mwize mukamenya mwishure nuguteranya abantu ariko ntibitangaje ariwewe uriko uvuga ivyo zemugabanya uburofo gnl mjr oyeeee niyubahwe niyubahwe umukuruwigihugu cacu ivyomuvuga azobikemura ntangorane
@JustineNizigiyimanajustine
@JustineNizigiyimanajustine 3 месяца назад
😂😂😂😂azobikemura ryari twarabahinyuye shahu
@NzosabaJeanbaptiste
@NzosabaJeanbaptiste 2 месяца назад
Arikomugisha uratwenza''ndakurahiye Ntandakugarika Yokorivyo Ntanaprime Arikowewe Wihweza umukuruwumugambwe Ntubonakoyitwara Nkapresident''rekagukeka Wibukekoyavuzeko Nabatwara''batwara bakurikije Amategeko. Yabahay''ukekakuberiki?
@emmanuelficin2321
@emmanuelficin2321 2 месяца назад
Kuvuga KO rêverie ata bubasha afise bwo kubuza kio igitoro Liza Mu Burundi, ntawovyemeza!!!. Wibuke KO yivugiye KO cndd fdd ari parti- etat
@imanajohnbosco3886
@imanajohnbosco3886 3 месяца назад
Kagame Poul,,Niwe Wafungiye abarundi kubona igitoro Abarundi Muribicucu Mufite umuturanyi Mubi...
@MmMm-br3tu
@MmMm-br3tu 3 месяца назад
Urakarushwa
@ArnondNkundwanayo
@ArnondNkundwanayo 2 месяца назад
Ukuriii???
@floriennedusenge5327
@floriennedusenge5327 3 месяца назад
Bsr Mugisha rekatubitegereze turabe iyobizoherera
@Nibigirafaustin
@Nibigirafaustin 3 месяца назад
Nihatari
@TTt-vi2ks
@TTt-vi2ks 3 месяца назад
Ni bashake bamarane barimenya mbabajwe na gwasa wanje
@gilbertnimubona3291
@gilbertnimubona3291 3 месяца назад
Vyotuma biba
@Aiuoex
@Aiuoex 3 месяца назад
Iyo mihimbili iriko iraryana ubwayo abene gihugu bakagwa mumporero. Ikindi naco NEVA azogwana n'abiwe basangiye gutwara yongere agwane n'abari inyuma y'igihugu yongere agwane na Red tabara Abo bantu azobokoka kweli !!!
@ManirakizaMathias-tz3pl
@ManirakizaMathias-tz3pl 3 месяца назад
mugihe atobakura azobariko yerekanye koabashigikiye🎉 ariko igitorocu
@NsengiyumvaSylvain-lg9bj
@NsengiyumvaSylvain-lg9bj 3 месяца назад
None ko yacifatiye muminwe bashoboye kukimwaka gute?
@MdOman-x9s
@MdOman-x9s 3 месяца назад
Sawa🤔🤔🤔🤔🤔🤔🤔😳😳😳😳😭😭😭😭😭😭😭😭😭
@AkimanaJeannette-tz1to
@AkimanaJeannette-tz1to 3 месяца назад
Noneko primu aheruka kuhabwa amapete yoba ari mutabo ?
@AghHh-v3f
@AghHh-v3f 3 месяца назад
Nibamarane ntibotagura nubunyene 😮😮😮
@MmMm-br3tu
@MmMm-br3tu 3 месяца назад
Nibamutembagaze none
@fabiolasilyvain8880
@fabiolasilyvain8880 3 месяца назад
Ubu waguze nigiteni ca komba kbs 🤣🤣
@jacquesntabagara2702
@jacquesntabagara2702 3 месяца назад
Yes, real soldier, front line, Daniel Mugisha
@CESARIEHAKIZIMANA
@CESARIEHAKIZIMANA 3 месяца назад
❤🎉😂
@MathieuNyabenda-w4k
@MathieuNyabenda-w4k 3 месяца назад
Ninde yaguhenze kwarusha abanywa neva ntamakuru ugira abanywanyi bambere nigisoda niporise neva wacu komera
Далее
Avaz Oxun - Yangisidan bor
14:29
Просмотров 430 тыс.
IVYARANZE UMUHISI PEREZIDA PETERO NKURUNZIZA
21:51
Просмотров 348 тыс.