Amajambo Prezida Ndayishimiye ariko arakoresha mu guhimbaza imyaka ine amaze ku butegetsi arateye ubwoba. Mw'ijambo yashikirije ku wa 18 6 2024, Prezida Ndayishimiye yarashimitse ko hari abantu bashaka kuzana imigumuko mu gihugu bitwaje ubukene bw'igitoro. Ni naho yaca avuga ko Abarundi ari #Intashima. Mu gikorane cari kimaze imisi i Nyabihanga, aya majambo y'imigumuko itegurwa yaragarutse. Kandundura yabonetse mu mpera y'igikorane (22.6.2024) aho Ndayishimiye yatangaza ko hari indongozi yatumye igitoro kibura, maze irabuza rwose ko hari abazana igitoro mu Burundi. Uwo mutegetsi yoba yitwaje ko himirije Coup d'État mu Burundi, ahandi naho yerekana ko ata mafaranga yo kuriha igitoro azoboneka. Uyu mutegetsi Ndayishimiye agira ateko amagorwa yose y'igihugu yoba ari nde ?
🔴 Yoba ari Reveriyano Ndikuriyo ?
Kuva Reveriyano Ndikuriyo ahabwa kurongora CNDD-FDD, ni kenshi yerekanye ko atagendera mu kwaha kw'umukuru w'igihugu. Ni kenshi yagize inyifato n'imvugo zisa n'ugupinga Prezida Ndayishimiye kugeza aho hatangura urukurukuru ko Ndayishimiye afise umugambi wo guhindura umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD ataraheza ikiringo. Ndikuriyo afatwa nk'uwuri kw'isonga ry'abitwa ko bagendera mw'iragi rya Petero Nkurunziza. Kuva mu mpera z'umwaka uheze, Reveriyano Ndikuriyo yarahinduye inyifato, asigara aboneka nk'uwahevye gupinga Umukuru w'igihugu.
None yoba ariwe yatanze amategeko yo kubuza igitoro kuza ? Amasoko yacu avuga ko vyogorana ko umukuru w'umugambwe atanga amategeko nk'ayo mu gihe igitoro gitumwako na Leta. Nta bubasha Umukuru w'umugambwe afise mu bijanye n'amasezerano Leta igiranira n'abayizanira ibidandazwa.
🔴 Yoba ari Général Prime Niyongabo ?
Kuva mu ntango za 2023, ni kenshi vyavuzwe ko Général Prime Niyongabo ashobora kubogozwa mu mabanga yo kurongora igisirikare c'Uburundi. N'amazina y'umusubirizi wa Général Niyongabo yaravuzwe. Amasoko yacu yarameje ko hariho abasirikare bakuru bahoze muri CNDD-FDD basavye Prezida Ndayishimiye gukura Général Niyongabo. Ayo masoko aravuga ko n'umukuru w'iperereza (SNR) yoba yaratanze raporo zibiri zisaba ikurwa rya Général Prime Niyongabo. Rimwe mu masoko avugana na Prime Niyongabo ryaratubwiye ko Général Niyongabo yageze aho aremerwa akiyumvira gusaba Umukuru w'igihugu ko yomuhindurira amabanga.
None Gênera Prime Niyongabo yoba ariwe ageze aho yiyumvira coup d'État akandikira abazana igitoro ko bobireka ? Amasoko yegereye Prezida Ndayishimiye yatubwiye ko atari Général Niyongabo yakoze ico kintu. Amasoko yacu yose avuga ko intambara yo muri RDC yatumye Ndayishimiye na Niyongabo basubira kwegerana. Muri kino gihe, Evariste Ndayishimiye arizigiye ko Prime Niyongabo yomukingira abogerageza kumutembagaza.
🔴 Yoba ari Gervais Ndirakobuca ?
Umuntu avugwa ko afitaniye imigenderanire mibi n'umukuru w'igihugu, muri kino gihe, ni Lieutenant-Général Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere. Ku kibazo co kumenya nimba we yoshobora kubuza ko igitoro kiza, amasoko yacu avuga ko nk'umukuru wa Leta iba igenewe ivyo bitoro, ko Ndirakobuca yoshobora kubuza ko igitoro kiza. Ikigoye kwemera nuko yokwubahuka kubikora ku mugaragaro akoresheje izina ryiwe. Amasoko yacu yose yibaza ko Ndirakobuca atokwiuahuka kwikwegera gutyo.
Amasoko yegereye Prezida Ndayishimiye yo yatubwiye ko umukuru w'igihugu yikeka rwose ko Gervais Ndirakobuca hari imigambi mibi arimwo. Yoba anamukeka ko hari amanama akora mu kinyegero bugorovye, akagenda yiyoberanije, akiyunguruza muri camionnette imwe gusa ari kumwe n'abapolisi bamucungera. Hari abandi bategetsi bo hejuru cane bakekwa ko nabo nyene biyoberanya bagiye muri izo nama (ntidushimye kuvuga ayo mazina).
🔴 Ubwo si irementanya rirondera Gervais Ndirakobuca ?
Kuva Umushikiranganji wa mbere avugiye mu Nama Nshingamateka ko ata nyishu afise ku kibazo c'igitoro, abegereye Prezida Ndayishimiye barashavuye cane. Mu nkuru iheruka, twarababwiye ko n'imigambi yo guhagarika Gervais Ndirakobuca yari yafashwe mw'iperereza mu gihe yari guhirahira agatangaza ko atanze imihoho. Birashoboka ko ubu naho abo mu ruhande rwa Prezida Ndayishimiye boba bagira bate kuri Ndirakobuca ibijanye n'ibura ry'igitoro.
Imvugo Prezida Ndayishimiye yakoresheje i Nyabihanga isa n'iyidahuye n'ukuri. Mu ndwi iheze, mu Nama Nshingamateka, umushikiranganji w'ikigega ca Leta, Audace Niyonzima, yarerekanye neza ko Uburundi bufise ingorane ikomeye yo kuronka amafaranga mvamakungu yo kurangura igitoro. Mw'ijambo Prezida Ndayishimiye we nyene yashikirije Abarundi ku wa 18.6.2024, yarerekanye ko ingorane y'igitoro iva kw'ibura ry'amafaranga mvamakungu kubera abarundi bashobora ibintu bike hanze. Mu gikorane nyene c'i Nyabihanga, Prezida Ndayishimiye yerekanye ingene abarundi basigaye bagura imiduga myinshi, amapikipi n'amamashini yo gukwega amazi no kwatsa am
#amakuru_atarikwivumbi
#Amakuru_yurugendo_news
#Updats_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye
28 сен 2024